Cleaner energy means a healthier environment

Amasoko ntanganguvu adahera/yisubiriza

Guturira ibitoro (combustibles fossiles) kugira haboneke umuyagankuba ni kimwe mu bigira uruhara runini mw’ihindagurika ry’ikirere. Ariko turashobora kuronka umuyagankuba dukoresheje amasoko ntanganguvu adahera/yisubiriza (énergies renouvelables). Imishwarara y'izuba n'umuyaga ni amasoko abiri ahambaye ntanganguvu zisubiriza muri kino gihe. Dukeneye amabateri kugira ngo tubike inguvu zayo mugihe izuba ritaka kandi igihe umuyaga utariko urahuhuta, kandi izi bateri zigenda zirushirizaho guhingurwa neza buri musi.

Ayandi masoko ntanganguvu zisubiriza ni umuyagankuba uva mu ngomero (l'hydroélectricité des barrages), mu mikuba (l'énergie houlomotrice), mu mazi arenga inkombe (marémotrice), mu bushuhe bwo musi y’agataka (géothermique).Ubwoko bw’isoko ntanga nguvu igihugu gihitamwo butegerezwa gufatira kuri kimwe muri ivyo bintu kiba cizigiwe kandi kiboneka cane. Mu ntango turashobora kugabanya inguvu dukoresha, mu kugerageza kwama tugavye (prudence), no gukoresha ubuhinga (technologie) bukora neza kurusha. ///

Ibitoro duturira mu miduga, ubwato n’indege birashobora gusubirirwa n’amabateri y’ibitoro vya idorojene, kandi hamwe hamwe, biyodiyezeri (biodiesel) n’ivyizuba (l'énergie solaire). Ariko bumwe mu buryo bwiza duhitamwo kurusha ubundi nuko twoshobora gukoresha umuyagankuba mu buryo bwo kwiyunguruza no gutwara ibintu (transport), kugira ivyo dukoresha mu gutwara abantu n’ibintu (imiduga…) dushobore kubicomeka ku muyagankuba umwe nurya dukoresha mu mazu no mu mahinguriro, hanyuma vyose tugaca tubikoresha amasoko ntanga ngumvu yisubiriza.

Ukoresheje ubundi buryo bwo gusubiriza inkwi n’amakara nka twa dutafari tw’amakara y’ibiti (briquettes de charbon) akozwe mu myanda y’ibiterwa, kandi ntibisaba gutema ibiti kugira ngo bishobore kuboneka.

Ahaheruka Ahakurikira