13Guite_To_Action.jpg

2. Hitamwo uwo utumbereye (uwo isekeza rigenewe)

Uwo utumbereye/isekeza rigenewe : Ni nde afise ubushobozi bwo kuzana impinduka ushaka kubona?

Uwo utumbereye ashoboye gufata ingingo kandi afise ubushobozi ku vyo ushaka guhindura. u Umukuru w’igihugu, canke uwurongoye ishirahamwe ry’ubudandaji. Andika izina ry’umuntu canke abantu bafise ubushobozi bwinshi kuri iryo hangiro ryawe.

Mu bisanzwe amakangurashaka canke isekeza ( Campagnes) akora neza iyo utumbereye umuntu UMWE. Nimba wanditse umurwi w’abantu bafise ubushobozi, nk’akarorero, Inama y’ igisagara canke Leta, gerageza ugabanye. Mbega umukuru w’Inama y’igisagara yitwa ngw’iki? Umushikiranganji ajejwe ico kibazo cawe yitwa ngw’iki (akarorero: Umushikiranganji w’ ibidukikije)?

Ahaheruka Ahakurikira