02Guite_To_Action.jpg

1. Niwihe ihangiro

Ihangiro rituma ubona neza ingorane ushaka gutorera umuti, n’inyishu ushaka gutanga. Andika a) ingorane wamaze gutora hamwe na b) Inyishu ushaka gushikako.Nk’akarorero, “ Ikirere gicafuye kiriko kiratuma abantu barwara. Ihangiro ryanje ni kugabanya ubucafu buri mu kirere. » Inyishu yawe itegerezwa kugira uburebure bw’amungane abiri gusa.

Ubu rero hageze yuko ukomeza intumbero yawe. Uko ihangiro ryawe rirushirizaho kugaragara kandi rirasa ku ntumbero, niko uba ufise amahirwe menshi yo kurishikako. Gerageza ushireko igitigiri, ikibanza , itariki kuri iryo hangiro ryawe. Akarorero: “Ihangiro ryanje ni kugabanya umucafu uri mu kirere gushika ku ca kane mu gisagara canje gushika ku mpera z’uyu mwaka.” Ikibanza kirashobora kuba ico ari co cose uhereye kw’ishure ryanyu gushika mu gihugu canyu. Itariki zirashobora kuba kuva ku kwezi gushika ku myaka ibiri. Iyo uri umukangurashaka (Celui qui fait la campagne) abifisemwo uburambe, ni vyiza kwiyumvira binini (ibiri hejuru). Ariko amakangurashaka/isekeza (campagnes) nto nto aroroshe gushikako kandi niyo akwigisha ingene ushika kuri manini.Andika rero ihangiro ryawe.

Ahakurikira