01Guite_To_Action.jpg

3. Rondera abagushigikira

  1. Abagushigikiye, rimwe na rimwe bitwa abakwumviriza (ton public), ni abantu bumva ingorane nk’ukwo uyumva, kandi biteguye kugira ico bakoze kugira bashigikire iryo kangurashaka ryawe. Niwaba ushaka gutanguza imyiyamamazo kw’ishure ryanyu, abagushigikira bazoba abandi banyeshure barajwe ishinga n’ihindagurika ry’ikirere. Nimba ushaka kugabanya ubucafu buri mu kirere, abagushigikira bashobora kuba abavyeyi bahagaritswe umutima n’amagara y’ibibondo vyabo.
  2. Ukwo utomora neza ingorane yawe, niko bizokworohera gushikira abagushigikira. Ntiwandike ngo “ Ku muntu wese avyitayeho”, gerageza urabe uwufise inyungu muri iyo ngorane, n’uwo wibaza ko afise amahirwe menshi yo kwumvirizwa n’uwo utumbereye (décideur). Nk’akarorero, nimba ushaka kwumvisha Leta yawe ko yogabanya ivyuka, abantu babifisemwo inyungu nyinshi bashobora kuba abana n’urwaruka, kukw’aribo bakorwako hanini n’ihindagurika ry’ikirere. Yamara, Leta ishobora kwumvira abakuze , rero kumbure urashobora kwumvisha abigisha, n’ abayobozi b’urudadanzwa kugira basohoke bashigikire ikangurashaka ryawe.
  3. Gira urutonde rw’ umurwi umwe gushika kuri itatu y’ abashigikiye iryo kangurashaka ryawe. Iruhande y’abo, andika ukwo uzokora kugira ubashikire. Ni gute baronka amakuru? Ni izihe mbuga ngurukanabumenyi (sites web) baraba kenshi? Nk’akarorero, urashobora kwandika “Abanyeshure- Facebook, WhatsApp, Inama y’Ishure” canke ‘Abavyeyi- Iradiyo, Ikinyamakuru co mu gihugu (Magazine local), Abarongozi b’amadini”. Ubu rero urazi abagushigikiye, n’ingene wobasaba kwifatanya nawe mw’iryo kangurashaka ryawe.
Ahaheruka Ahakurikira