20Guite_To_Action.jpg

4. Tomora werekane neza umukenyuro wawe

  1. Umukenyuro ni ibintu usaba abagushigikiye gukora kugira wumvishe abantu utumbereye (Cible) ko bakwiye kugira ico bakoze. Kugira ubitahure neza, umukenyuro wawe utegerezwa kuba woroshe ku buryo abagushigikiye bawushira mu ngiro vyoroshe, ariko ukaba ari MUNINI ku buryo abo utumbereye (Cible) bawubona. Ntusabe abagushigikiye gukora ibintu badashobora gukora, nko gutanga amafaranga menshi, canke kugira ingendo ndende ku rundi ruhandi rw’igihugu kugendera Inama Nshingamateka. Ntukore akantu gato (nko kwandika akantu kamwe ku rubuga facebook) abantu utumbereye (Cible) batazobona.
  2. Raba uru rutonde rw’imikenyuro uce wandika iyo wipfuza kugerageza kubw’ikangurashaka ryawe (ta campagne). Iyi siyo mikenyuro yonyene. Urashobora kwiyumvira iyindi mishasha-gutamba, kuririmba, kwinuba ikidadanzwa gishasha. Igihe cose utariko urarenga amategeko canke ngo utume hari umuntu numwe abangamirwa/ageramirwa, hari uburyo bwinshi butuje bwo gutuma abantu bashira umutima kuco uriko uraharanira.
Ahaheruka Ahakurikira