08Guite_To_Action.jpg

6. Unga ubucuti n’abo mukorana

Ni bande bariko barakora kugira bakemure iyo ngorane?

  1. Birashoboka ko wewe n’abagufasha mutari mwebwe gusa murajwe ishinga n’iyo ngorane mugomba mwabonye. Harashobora kuba hari iyindi mirwi iriko irakora kugira igikemure. Gira ubushakashatsi kuri iyo ngorane urabe yuko hoba hari ayandi mashirahamwe ariko arakora ibikorwa vy’ikangurashaka. Nk’akarorero, niwaba uriko urakora ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe urashobora gutangura ubucuti n’amashirahamwe nka Fridays for Future, Greenpeace, canke kandi nka UNICEF. Andika amashirahamwe utoye. Ubu rero niwibaze, mbega noshira inguvu hamwe nabo? Hari ikintu nokwigira kuri bo?
  2. Hariho ubundi bwoko bw’abandi bantu mushobora gukorana kandi, imirwi idakora ibikorwa nkaburashaka, ariko nabo bitwararitse iyo ngorane yawe kandi bashobora kwumvirizwa na barya bantu utumbereye (tes cibles), nk’abakuru b’amadini, abashakashatsi, amakaminuza canke abarongozi b’amashirahamwe y’ urudandazwa. Hari abo wiyumviriye bari muri iyo mirwi? Nimba ariko biri, bandike.
Ahaheruka Ahakurikira