Mental health awareness.png

Ibibazo bisanzwe (bikunze kubazwa) bijanye n'amagara yo mu mutwe

Nomenya gute ko hari ikibazo c’íngwara yo mutwe?

Amagara yo mu mutwe biragoye ko umuntu ayabona kuko ajanye n’ukuntu twiyumvira, twumva mu mubiri kandi dukora, kandi ibi vyama biriko birahinduka. Mu gihe amagara yacu yo mu mutwe ari meza, twumva tunezererewe kubana no kugendana n’abandi, tukumva dushoboye gukora ibintu bisha kandi bikomeye. Mu gihe amagara yacu yo mu mutwe atari meza, dusanga bigoye guhangana nayo. Dusanga twakujije ikibazo c’amagara yo mu mutwe igihe ivyiyumviro n’uko twiyumva mu mubiri no mu mutima biduhagaritse gukora ibintu dukunda, canke ubushobozi bwacu bwo kwumva tuguwe neza. Mu gihe ibi bibaye, dushobora kuba twokenera ubufasha buva ku magara yacu yo mu mutwe.

Niyumvira ko mugenzanje afise akabonge. Ni gute nomufasha ntarinze gusongera isiba ku kibazo c’amagara yo mu mutwe afise?

Ubwa mbere, menyesha mugenzawe kuhari kubwawi. Ntumugobere gufata amajambo (kukuyagira), ariko umumenyeshe ko atokwitinya yo kuganirira. Musigurire, umuremeshe ko inkuru ibaraba uzoyigumiza mu gahore (mw'ibanga ryanyu babiri), ko itazosohoka hanze, kandi ko nawe utazokwiragiza amazimwe n’uruvugo rw’abantu.

  • Ntugacire urubanza ivyo bakubwira , naho woba wiyumvira ko boba bajujuse. Emera uko nawe yiyumva umwereke ko umwitayeho mu kuvuga uti :

"Ivyo bisa n’ibigoye kuri wewe"

Ndabona ko iki kintu caguhungabanije (cagutirimukije), canke

"Usa n’uwubabaye uyu mwanya"

  • Mubaza ico yumva yokora kugira amererwe neza kandi unamwemerere ko mushobora kubifashanya, naho coba igikorwa gisanzwe nko kurabira hamwe ireresi udakunda.
  • Ntumubwire ico abwirizwa gukora , ariko umuterere ivyiyumviro nko:

" Woba wariyumviriye kubiganirira umwigisha (umurezi)? canke

"Wari uziko hariho umurongo utariha wo kugirwa inama (wabo wokwitura ukeneye ubufasha) ?’

  • Komeza kugenzura/ kumenya amakuru yiwe. Igihe mugenzawe atishura, ntubabare (ntushavure). Ihangane kandi umwereke (umumenyeshe) ko ukimurindiriye, kandi ko wipfuza kumufasha.
  • Kwitaho umuntu bishobora kuba bigoye. Nimba ufise ubwoba ko mugenzawe azohava yibabaza, canke ko udashoboye guhangana nabo, gerageza kurondera impanuro y’umuntu akuze yizewe canke afise uburambe mu bikorwa vy’umwuga wiwe

Umwe mu muryango wanje afise ibibazo vy’amagara yo mu mutwe, ni ayahe mahirwe ko ntobibamwo nanje ?

Si kuvuga ko umwe mu baryango bawe bagize ikibazo c’amagara yo mu mutwe ko nawe uca ugira ikibazo nk’ico. Ivyigwa bimwe vyarerekanye ko nimba umwe mu baryango afise ikibazo c’amagara yo mu mutwe kinaka, hari amahirwe menshi ko n’abandi bo mu muryango bazogira ikibazo nk’ico. Ntituzi neza ikibituma. Nta n’umwe yovuga yuko nimba umuntu ashitsweko canke adashitsweko n’ikibazo c’amagara yo mu mutwe , gushira mu ngiro impanuro nziza zo kwiyitaho bizomufasha mu magara yiwe yo mu mutwe kandi ko ari kintu ciza co gukorwa kuri buri muntu wese.

Ni ryari nomenya ko nkeneye ubufasha ku magara yanje yo mu mutwe ?

Nk’uko umw’umwe wese ashobora kurwara ku rugero runaka mu buzima bwacu, benshi muri twebwe barwana n’amagara yacu yo mu mutwe.

Ng’ibi hano bimwe mu bimenyetso vyerekana ko ushobora kuba ukeneye ubufasha

  • Kwumva wataye ivyizigiro , ata gaciro wumva ko ugifise, ugwana no kurondera ko wokwakirwa n’uruhande rw’umuco rw’ubuzima, canke wipfuza kutabaho
  • Kwinjira mu mishwano no mu mirwano myinshi
  • Kwumva ubabaye, ushavuye canke uhungabanye umwanya wose
  • Kwumva waguye ikinya-kwumva utagira amarangamutima canke ikigumbagumba na kimwe
  • Itandukaniro rirenze urugero rwa vynshi na bike canke guhindagurika kwa caane mu marangamutima yo mu kanya gato
  • Kutumva ko ushoboye guturura, kwumva ko usunikirwa gushavura, canke ukumva ivyiyumviro biguma bizunguruka mu mutwe
  • Impinduka mu mirire yawe, -kwiyicisha inzara, kurya birenze urugero, kwigwaza
  • Gukoresha imiti mihimbano, nk’ubumara bwo mu nzoga (Alcool) canke marijuana kugira bigufashe kwibagira canke guhangana n’uko wiyumva mu mubiri no mu mutimab b njj
  • Kwikomeretsa nkana

Mu gihe ushikiwe na bimwe muri ibi vyiyumviro, ukwiyumva canke inyifato, ni nyamukuru ko umuntu arondera ubufasha. Ibi si kuvuga ko ngombwa ngo ube ufise ikibazo c’amagara yo mu mutwe, ariko bamwe mu bafasha bo ubufasha bwabo

None abantu bagize ibibazo ku magara yo mu mutwe barakira ?

Ego. Benshi mu bantu bahura n’ibibazo vyo mu magara yo mu mutwe bazokira kandi bamwe bizobabako rimwe gusa. Bake muri bo bishobora gusubira kubagarukako vyaratevye muri kazoza. Kandi bake muri bo nibo bazogumana ibibazo vy’amagara yo mu mutwe ubuzima bwabo bwose. Hamwe n’ubufasha nyabwo kandi bubereye, abantu bagendana ikibazo c’amagara yo mu mutwe bafise ubuzima bwiza ata ntambanyi nyamukuru zirimwo.

None ibibazo ku magara yo mu mutwe vyoba biterwa n’impwemu canke umuvumo ?

Nta cemeza ntabanduka c’uko ibibazo vy’amagara yo mu mutwe biterwa n’imigirwa yo mu buryo bw’impwemu, ndoramana canke y’abakonikoni.

Hari imvo nyinshi zituma abantu bakehanirwa mu magara yo mu mutwe nko mu vy;ubuzima bwo mu ngo, mu bufasha buturutse mu runani, mu magara yo mu mubiri n’ubufasha busanzwe buri hafi yabo.

Abantu benshi baca mu bihe bigoye barafashwa n’imigirwa ndoramana ihasanzwe ariko iyo umuntu ashikiwe n’ikibazo c’amagara yo mu mutwe, baranakenera canke arakenera kandi ubufasha butandukanye. Ni nyamukuru ko umuntu arondera abagize ico gikorwa umwuga hagize umwe ahura n’ikibazo c’amagara yo mu mutwe

Kwinonora imitsi kwoba gufasha koko amagara yo mu mutwe ?

Kwinonora imitsi gushobora kurangururiza mu bwiza burushirije umutima wawe uko wiyumva, ku co werekeje, no ku nguvu zawo. Birashobora no kugufasha ko ubona neza ubuzima.

Imyimenyerezo yo kwinonora imitsi ya buri gihe ishobora kugufasha kuryama neza. Kuryama neza birafasha gutekanirwa mu mutima. Iyo myimenyerezo i irashobora kugutera kwumva uhamvya ibintu kandi wiyumva ko nawe ataco uhajije. Urashobora kwiga ibirushirije ku vyerekeye imyimenyerezo ngororamubiri n'amagara y'umubiri kuri runo rubuga mu gace "amagara y'umubiri"

Gutunga urutoke abandi ni iki, bigira ingaruka gute ku bantu bafise ibibazo ku magara yabo yo mu mutwe ?

Gutunga urutoke abandi ni ingendo icuritse mbi igirwa n’abantu ku bandi bantu ku budasa buri hagati yabo nk’ikibazo c’amagara yo mu mutwe.

Bikunda guturuka ku bantu bafise ubumenyi buke kuri ico kibazo bifadikanije rimwe na rimwe n’ubwoba no kubihabwako amakuru atariyo.

Ibi bishobora gutuma abantu bafise ikibazo c’amagara mu mutwe bafatwa ukutari kumwe,bafatwa nk’uko umenga si abantu nk’abandi, badafise agaciro, kandi ko ari ibicibwa mu bandi bantu.

Ibi bishobora gutuma umuntu agendana ikibazo c’amagara yo mu mutwe yumva afise isoni, rimwe na rimwe bica bituma amagara yo mu mutwe aca aba mabi gusumba. Bishobora kubuza ko abantu bagendana ikibazo c’amagara yo mu mutwe baronswa ubufasha , ko bagira uruhara mu bantu babamwo , n’uko baba abafise bakanafasha abandi kugira ubuzima buhiriwe.

Ahaheruka