Phys Health My Plate.png

Ingaburo n'iki?

Ingaburo, ni ubwoko bw’imfungurwa wihereza n’uko bingana hafatiwe kuvyo umubiri wawe ukeneye. Ingaburo nziza, ni igihe umuntu afungura ibiri mu ndya biri ngirakamaro (nutriments) bikwiranye n’ivyo umubiri ukeneye. Ingaburo nziza, ni kimwe mu vya nkenerwa ngenderwako kugira ngo umuntu ashobore kugira imibereho myiza.

Igifungurwa cose kirafise ico kigenewe (intumbero)

Mu mfungurwa, harimwo ubwoko bwinshi bw’ivya nkenerwa mu mubiri w’umuntu (nutrimets). Ni ibi bikurikira:

  • Indemamubiri (protéines)
  • Intanganguvu (glucides)
  • Ibinure
  • Insanganyangaburo (amavitamine)
  • Ivyunyunyu (minéraux)

Kugira ngo dushobore kugira umubiri urangwa n’amagara meza, turakeneye ivyo vyose uko ari bitanu ngirakamaro. Intanganguvu (glucides), indemamubiri (protéines) n’ibinure (graisses) birakenewe mu kwubaka no gukomeza imitsi (muscles) no gutanga inguvu ; ivyunyunyu (minéraux) n’amavitamine (insanganyangaburo) navyo bituma umubiri urinda indwara zinyuranye, gurtyo umubiri ukagumana amagara meza. N’amazi afise akamaro ntangere.

Imfungurwa zose zishirwa mu mirwi ikurikira : inyama, amata n’ibiyavamwo, ivyamwa n’imboga : havurwa imiwi kuko zitanga ivyangombwa vy’umubiri biringaniye n’ivy’ivyo vyavuzwe. Nkakarorero, amata n’ibiyakorwamwo bituzanira icunyunyu ca calcium, hamwe n’indemamubiri, nayo umurwi w’ivyamwa ukaba ariwo utanga vitamine C. Ucaguye ugakoresha imfungurwa zinyuranye, usanga ingaburo yawe iryoshe kandi itanga amagara meza.

Ahaheruka Ahakurikira