PhysicalHealth_1 -Resize.png

Kubana neza n’umugera wa sida

Igihe ugendana umugera wa VIH, urashobora kubaho neza, mu buhirwe, ukaramba kandi ugatunga ugatunganirwa, co kimwe na bagenzawe batagendana umugera wa VIH, ugasanga ntaco bakurushije. Ariko rero, ukwiga kubana neza n’umugera wa VIH bishobora gusigura ko utegerezwa gutorera nyishu ibibazo vyinshi (kurwana ingwano ikomeye) kurusha abagenzi bawe, kandi ko utegerezwa kubungabunga amagara yawe y’umubiri n’ayo mu mutwe. Aha, ni ukuvuga ko ari ngombwa kwiyumvira:

Gufata imiti ya VIH

Gutangura gufata umuti wo kurwanya umugera wa VIH (traitement antirétroviral, « TAR ») hakiri kare cane bifasha kutaganzwa n’uwo mugera no kugeza kutanduza abandi bantu.

  • Fata imiti yo kurwanya VIH imisi yose.
  • Niba wikeka ko hashobora kuba inkurikizi z’iyo miti ku magara yawe (effets secondaires), canke ufise ibibazo ku miti yawe, biyagire umuganga asanzwe agukurikirana/akuvura.
  • Ni uburenganzira bwawe gufata ingingo yo gufata imiti yo kurwanya VIH canke kutayifata, ariko ntukigere uhagarika gufata imiti yawe utabanje kubiyagira umuganga akuvura ngo umuhanuze. Ivyo birashobora kugeramira cane amagara yawe.

U = (« Indétectable ») =U (« Intransmissible »)

U (« Indétectable »-- kuba utakibonekesha umugera ku gipimo – ntamugera ukiboneka mu bipimo » - Kivuye mu congereza « UNDETECTABLE ») =U (« Intransmissible » --nta mugera nanduza, sinanduza. Urwo rudome U rutangwa n’icongereza « UNTRANSMITTABLE »)

Iyo imiti yo kurwanya VIH (traitement antirétroviral) ikora neza. Irashobora kugabanya urugero rw’umugera (« charge virale ») ikarushikana ku rugero rutuma ibipimo bidashobora kuyibona/kuyipima, arico bita « Indétectable ». Umugera utakiboneka mu bipimo, bisigura ko atawo ucandukira (arico gitanga « intransmissible », nawe ntawe ucandukiza. Ivyo bisgura ko, naho ufise umugera wa VIH (kuko uracawugendana), uwo mugera waracunywe n’imiti irawufunika, bigatuma utagishobora kuwandukiza abandi. Kugira ngo umenye yuko imiti TAR yawe ikora neza, utegerezwa kwama uja kubipimo bakaraba mu maraso kugira ngo bapime urugero rw’umugera mu maraso yawe (votre charge virale).

Gufungura neza no kugira imyimenyerezo

Ningombwa gufungura neza kugira ngo imiti yo kurwanya VIH (TAR) ishobore gukora neza. Ingaburo nziza ishobora kugufasha kuguma ufise uburemere (ibiro) bujanye n’amagara meza no guha umubiri wawe ivyo ukeneye vyose. Kugira imyimenyerezo y’umubiri navyo nyene bishobora kugufasha kuguma uhagaze neza, usa neza, kandi ufise amagara meza, mbere ni navyiza rwose no ku magara yo mu mutwe. Rondera kurushirizaho kumenya vyinshi ku bijanye n’ingaburo n’imyimenyerezo y’umubiri.

Amagara yo mu mutwe

Kubana n’umugera wqa VIH birashobora kugira ingaruka ku magara yo mu mutwe. Gutegera indwara yawe, gufata ingingo yo kumenya uwo uyiyagira no gukumirwa bishobora gutuma udatekana, ugira imyitwarariko. Bishobora gutuma wamana umutima mu mutwe, mbere hamwe hamwe bigashobora no gutuma ugira akabonge canke uhahamuka (dépression). Ni ngombwa yuko uronka abantu ubiyagira, kandi bashobora kugufasha guhangana n’ingorane n’uguhungabana mu mutima ushobora kugira. Rondera kurushirizaho kumenya ivyerekeye ukubana na VIH n’amagara yawe yo mu mutwe.

VIH na COVID-19

Ni ngomwa ko umwe wese akurikiza impanuro zatanzwe zo kwikingira COVID-19, naho ni wabona ufise ibimenyetso vyerekana ko wanduye COVID-19, utegerezwa gusaba gufatwa mu mugongo. Nubu ntituramenya yuko abantu bagendana umugera wa VIH basinzikara kurusha abatawufise iyo banduye COVID-19. Ariko turazi ko ku bantu bafise umubiri utacirwanira neza, ukwikingira kw’umubiri kugoyagoya, usanga basigaranye ubushobozi buke cane bwo kurwanya indwara, harimwo na COVID-19, Ninaco gituma ari ngombwa cane ko ubandanya ufata imiti yawe yo kurwanya VIH (TAR), kugira ngo urabe ko ubushobozi bw’umubiri wawe bwo kugumana ubudahangarwa ku ndwara (votre système immunitaire) bwoguma bukomeye uko bishoboka. Utegerezwa kutigera usiba isango ryo kwa muganga. Kurikiza impanuro zo kwikingira COVID-19 niba/canke igihe ukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza, hamwe n’igihe uja kw’ivuriro niba usanzwe ujayo.

Vyinshi mu bihugu vyo kw’isi ni ivyasavye abantu bagendana umugera wa VIH kwicandagisha urukingo rwa COVID-19 aho ruzobonekera.

Ahaheruka