Start a school garden

Imfunguro nziza

UBURIMYI BURAMA

Isoko rya kabiri rikomeye ritera umwanda mu kirere biciye mu mwuka wa karubone (gaz carbonique canke dioxyde de carbone) ni uburimyi. Muri iki gihe ca none, ibibanza kama (habitats naturels) nk'ibibira vy’imvura (forêts tropicales) bicakira bikagumya carbone kurusha imirima busanga vyarimwe, kandi n'ubutaka bwo mu mirima nabwo busohora carbone kuko nayo usanga yaranduye. Ariko uburimyi burama (agriculture durable) bugezweho burashobora kudufasha kurima ibiterwa vyinshi mu kibanza gito, kugira ngo dusubize imirima ishaje muri kamere yayo kama (restaurer d'anciennes terres agricoles à l'état sauvage). Uburimyi burama bukoresha kandi amazi make, hamwe n’imiti mike canke myiza yica udukoko n’umwavu mvaruganda (engrais) muke canke mwiza kurusha, bigaca bifasha gukingira ibinyabuzima.

INYAMA NKEYI KURUSHA

Turashobora kandi kurya inyama nke. Mu bisanzwe, ibitungwa bikeneye ubutaka bunini n’amazi menshi kuruta ibiterwa, ariko kandi kubera ko bicira kandi bigasohora umwuka ukaze wonona ibidukikije witwa metani (méthane). Inka nizo zigira uruhara runini, bisigura ko gukura inyama n’ibiva mu mata mu rutonde rw’ivyo ufungura bishobora kugabanya ica kabiri ca karuboni iri mu bifungurwa vyawe. Turashobora kandi gufungura ibindi bishobora gusubirira inyama canke ibiva mu mata biriko biratezwa imbere kw’isi. Urashaka kuboneka nk’umuntu w’igihangange mu bwenge? Izina ryiza bakoresha mu kuvuga ukwo kuntu ibikoko bitanga metani ni “ Ukubira n’ihingurwa ribera mu mara”

KUGABANYA ISESAGURWA RY’IBIFUNGURWA

Ibifungurwa dusesagura navyo ni ingorane. Hanini iryo sesagurwa riba imbere yuko ibifungurwa bishikira abantu benekubifungura, mu murima, mu gihe co kubitwara/kuvyunguruza canke bikiri mu maduka. Ivyo bibaho kandi mu nyuma, iyo abantu bataye indya. Indya iyo ziriko zirabora zirasohora umwuka wa méthane, haba mu mirima canke mu mayarara. Ibifungurwa tudafunguye bisigura ko karubone yakoreshejwe mu kubiteka iba « yasesaguwe ». Mu kwongereza uburyo leta ziha abarimyi kugira ngo barime (ikintu bita gushigikira), hamwe n’ukuntu turima, dutwara, tugura, tubika ibifungurwa, turashobora kugabanya igice kinini c’iryo sesagurwa.

Ahakurikira