Depression and silent struggles.png

Guhangana n’abahahaza, bashaka kukuremereza igitugu

Guhahazwa ni igihe umuntu ababaje uwundi muntu n’ibigirankana, akabisubiramwo kenshi. Guhahazwa si vyiza. Mu bimenyetso vyo guhahazwa no guterwa ubwoba, harimwo ibikomere vy’umubiri, ibibazo kw’ishure, n’umubabaro muhira.

Guhahazwa birashobora kuba amaso mu yandi. Birashobora kandi kubaho ku mbuga ngurukanabumenyi- akarorero: nko kurungika ubutumwa bubishe canke kuvuga ibintu bibabaza ku mbuga ngurukanabumenyi. Ivyo ni guhahazwa canke kuremerwa biciye kuri intenete (cyberharcélement). Uburyo bwose bwo guhahazwa burababaza.

Gushwana n'umugenzi, canke amajambo mabi si uguhahaza canke ugucinyiza. Guhahaza ni inyifato mbi kandi ibabaza ishika kenshi.

Hano hari ivyiyumviro vy’ingirakamaro vyo guhangana n’uguhahazwa:

  • Kwirengagiza ukavyihorera no kwikurira meza: Mu buryo bw'umubiri uje kure y'abantu bagucokoza canke baguhahaza
  • Bwira uwo muntu ariko araguhahaza abihagarike: utekanye wihagazeko ubamenyeshe ko amayeri yabo adakora.
  • Irinde ahantu hashobora kugutera ingorane nyinshi: Mu gihe ibi bitakubuza gukora ibintu ukunda gukora.
  • Gumana n'abandi bantu: Iyo ugumanye n’abagenzi bawe, uwo muntu birashoboka ko ataza kukugora. Urashobora kandi kuguma aho hari abigisha.
  • Saba abo mwigana bagufashe: Abo mwigana bashobora gutahura ivyo uriko uracamwo kandi bagashobora no kugufasha mu gihe ubikeneye. Birashoboka cane ko abantu bataguhahaza iyo babona ko ushigikiwe canke ufashijwe.
  • Bwira umwigisha: Umwigisha wawe arashobora kugufasha gutorera inyishu ikibazo cawe. Umuntu aguhahaza ashobora no kutamenya ko umwigisha wawe ariko aragufasha. Guhahazwa birashobora kugorana kuvyitwaramwo, kandi abakuze bahari kugira ngo bafashe.
Ahaheruka Ahakurikira