Stress and me.png

Uruhagarara (stress) na Jewe

Uruhagarara (stress) ni uburyo umubiri wishura ibihanganye n’umuntu, bugutegurira guhangana navyo witonze, urimwo intege zose, n’inkomezi zose. Ku bakiri bato, uruhagarara (stress) rurabishe kugendana, ariko ubwayo si ikintu kibi. Rimwe na rimwe, turakenera uruhagarara (stress) kugira bidutere kwinjira mu gikorwa no kudukabura kugira turushirize gukora ibintu neza canke ngo dushobore gushira mu ngiro igikorwa.

Mu gihe dufise ibiduhanze vyinshi, mugabo tudafise uburyo bukwiye bwo guhangana navyo, uruhagarara (stress) rurashobora gucika ikibazo.

Iyo mwene ibi bibaye, duca tuvuga kenshi ngo turi mu uruhagarara (stress), ‘turaruhijwe’, ‘turahangayitse’

Guhanganyika birashobora guhindura uburyo wiyumvira, wiyumva, canke ukora.

Ibihe bimwe bimwe bigaragaza mu mero vyiharije uruhagarara (stress). Rushiriza kwiga ivyerekeye amagara yo mu mutwe na VIH hamwe nivyerekeye kumenya gutunganya uruhagarara (stress) rutewe no kuba umuvyeyi yibarutse umwana wa mbere (ukiri urwaruka).


Ibimenyetso vy’ uruhagarara (stress)


Uruhagarara (stress) rurahindura uko wiyumva. Ushobora kwumva:

  • ko uhagaritse umutima
  • ko utekanye
  • ko uriko urarira
  • ko ubabaye
  • Ko wihutira kuraka
  • Ko usenyutse mu mutima
  • Ko wihebuye

Uruhagarara rurgira ingaruka ku mubiri wacu. Ushobora kugira uruhagarara (stress) gutya :

  • Mu Kumeneka umutwe
  • Mu Kubabara mu bitugu
  • Mu Kuribwa mu mushishito canke mu kasagusagu
  • Mu kwamana ibicurane n’indwara zandukira
  • Mu gutakaz ibiro canke mu kuvyongereza
  • Mu kuzungurirwa, canke,
  • Mu guhemagirika

Uruhagarara (stress) ruhindura uburyo wiyumvira. Ushobora kurwana gurya:

  • Mu gushira umutima wose ku gikorwa,
  • Mu kwibuka,
  • Mu gutunganya,
  • Mu gutunganya ivyo ukora, canke,
  • Mu gufata ingingo,

Ushobora kubona kandi ko ushira umwanya wawe ku bibazo ugasanga birakugoye gusubiza umuvuduko inyuma mu buryo uvyiyumvirako canke ngo uzimye uwo muriro, canecane ku bibuga ngurukanabumenyi bihurirako abantu benshi.

Uruhagarara (stress) ihindura ukuntu dukora. Ushobora :

  • guhagarika kubana n’abandi mu bikorwa ukunze kubamwo,
  • Kwanka kuja kw’ishure, canke
  • guhagarika kwiga neza

Abantu bari musi y’uburongozi bwa uruhagarara (stress) bakunda kuba bari mu bihe vyibanda ku mpera n’impera: canke bama bafise ivyo bakora n’iyo baja canke bakagira ingorane zo kuva mu gitanda. Gusinzira kurashobora kugirwako ingaruka no kuba canke waryamye gato canke waryamye cane birenze. Abantu bamwe bashobora guhindukirira gukoresha imiti yo kuruhura abarushe bagura ata muganga yayibandikiye, canke bakanywa ibiboreza canke iyindi miti canke biyayuramutwe. Bashobora kuba ibirandamuke ku bandi bantu canke ku matungo yabo.


Imvo zitera uruhagarara (stress)


Hari ibintu vyinshi biremera urwaruka. Ivyo bishobora kuba :

  • Ishure, urunani, ibibazo no kuba kumwe n’abagenzi,
  • Impinduka z’ubuzima nko kurangiza amashure, kaminuza, canke akazi,
  • Gufatirwa cane,
  • Kwumva utiteguye canke kutamenya uko wokora ibintu.

Ibindi bishobora kugira uruhara mu ruhagarara harimwo gusinzira nabi no gufungura nabi, ihahamuka, canke ihindangurika mu bihe, harimwo urupfu rw’umugenzi canke uwo mupfana ikintu mu muryango.

Kugira ugire ico ukoze, raba ibi bikoresho:

Ahaheruka Ahakurikira