Section header.png

Gusobanukirwa amagara yo mu mutwe

Amagara meza yo mu mutwe ni ikintu gihambaye cane ku mibereho myiza y’imiyabaga, ariko ni iki, kandi ni kuki ari ikintu c’inkoramutima ?

Amagara yo mu mutwe asigura ubuzima bwiza mu bijanye n’imibano n’itekane ryo ku mutima. Amagara meza yo mu mutwe arakenewe kugira ngo utere imbere mu mibereho myiza yawe, kugira ngo ukore ibikorwa ugomba gukora, unezererwe ubuzima , wubake ubucuti burama, umenyere impinduka, kandi unashobore no guhangana n'ibibazo vy'ubuzima. Kugira amagara meza yo mu mutwe no mu mutima birashobora gushimangira 'ukwifata no kumenya kwijako'. Maze ushobore guhangana n’ibibazo bikomeye, atari mu gihe c’ubuto bwawe gusa, kuko amagara meza yo mu mutwe mu gihe c’ubuyabaga arafasha mu gushobora kwijako no kubaho neza mu buzima bwawe busigaye bwose.

Kwivyukiranya bisigura iki ?

Umuntu wese arahangana n’ibihe bigoye canke n’ibihe vy’amagume; iki ni igice gisanzwe c’ubuzima. Gushobora kwijako/kwimenya ni ubushobozi bwo kumenyera, "kwivyukiranya" (rebondir) no gusubira ku rwego rumwe rw’ubushobozi n’ibikorwa nka mbere y’ibihe bigoye waciyemwo.

Nimba ufise intege zo kwijako ukagaruka aho wahora heza, mu bisanzwe ushobora kwigira kuri vya bihe bigoye, bikagufasha gukura mu marangamutima no guteza imbere inguvu zo kwimenyereza kurengera amarushwa no kugira ubumenyi ku buzima.

Kwimenyereza kurengera ingorane hamwe n’ubumenyi bw’ubuzima ni imikenyuro dukoresha mu gihe duhanganye n’ibihe bigoye, bikongera bikadufasha gutunganya amarangamutima atoroshe ari muri twebwe no kurengera ingorane. Kuronka ubushobozi bwo kwifata ukijako ukivyukiranya mu gihe c’ubuzima bugoye kandi mu buryo butomoye n’ugucishwa ubwenge n’ubuzima nyene birakingira amagara yacu yo mu mutwe no mu mutima kandi bikadufasha gukura inyungu zishimishije mu buzima bwacu.

Hanyuma inkuru nziza : Abakiri bato bose bafise ubushobozi bwo gukomeza kwimenyereza kurengera ingorane , ubumenyi bakuye ku buzima, n’ukumenya kugaruka ku buzima bwatakaye kubera guhungabanywa kwabwo hamwe rero n’amagara yo mutwe no mu mutima.

Uru rupapuro tugezeko ruzoguha impanuro nyinshi n’urwinjiriro rutandukanye rw’ukuntu wobikora, ariko imbere yaho, reka turabire hamwe ubumenyi ku magara yo mu mutwe no mu mutima mu tubazo ntahuzabwenge turi hano musi.

Ahakurikira