Relationships.png

Imigenderanire myiza

Imigenderanire ni igice gihambaye co mu buzima bwacu bwa misi yose. Imegenderanira myiza kandi imeze neza idufasha kwiyumva neza kuri twebwe nyene. Abagenzi barashobora kudufasha guhanagana n’ibibazo vyacu and bakabana natwe mu bihe vyiza cane no mu bihe bibi. N’ubwo biruko, imigenderanire yose si myiza.

Imigenderanire irimwo umuntu agerageza kugushirako amakosa, kukuganza canke kukubabaza mu buryo ubwaribwo bwose bishobora gutuma wiyumva nabi kuri wewe nyene, bikagira ingaruka mbi ku kwigirira icizere ndetse n’amagara yawe yo mu mubiri, rimwe na rimwe. Ntukwiye kwumva udatekanye mu migenderanire iyo ari iyo yose canke ngo uhangane n’ihohoterwa canke ugukubagurwa ukwo ari ko kwose – ku mubiri, igitsina canke mu vyiyumviro. Rimwe na rimwe, urwaruka ruraba mu migenderanire aho umuntu usanga agufiseko ububasha kandi akakuzana aho agutuma ibintu runaka canke akagukoresha.

Kumemya ibituma imigenderanire iba myiza no kumenya bimwe mu ’bimenyetso bitugabisha vy’imigenderanire itari myiza, birafasha kwiraba, ukwumva wubashwe, uryohewe kandi utekanye.

Imigenderanire myiza:

  • Ituma wumva unezerewe kenshi, utababaye canke udafise uruhagarara.
  • Ituma wumva utekanye kandi wifitiye icizere.
  • Abantu barangana. Umuntu umwe ntafise ububasha ku wundi
  • Ishimikiye ku kwubahana. Murashobora kuyaga ku kuntu mwiyumva kandi mukaba uburyo mwiyumvira butandukanye mutarinze kugubagurana, gutukana canke guhohotezanya.
  • Iguha kugira umwidegemvyo wo kuba wewe nyene. Urashobora gufata ingingo y’ico ushaka gukora, uwo ushaka kuraba, iyo ushaka kuja, kandi ugafata ingingo ijanye na kazoza kawe, amahera yawe n’umubiri wawe. Mu migenderanire myiza, wategerezwa kwumva ushobora kuvuga oya ku mibonano mpuzabitsina canke ibindi bikorwa udashaka gukora, ak : kunywa itabi, kunywa inzoga
  • Yemera ko mutemeranya mbere mukanaharira ariko mukamenya ko mushobora gutorera inyishu hamwe.

Bimwe mu bimenyetso bigabisha vyo kuraba nimba umuntu :

  • Agerageza kukuganza mu kukubwira ivyo ukora n'ivyo udakora.
  • Agerageza kukubuza kuraba umuryango wawe n’abagenzi.
  • Atubaha ubuzima bwawe bwo mw’ibanga , nk’akarorero, akagenzura ubutumwa bwo mw’iterefone yawe.
  • Atuma wiyumva nabi kuri wewe nyene, nk’akarorero mu kugucinyiza, kugutako amakosa muri vyose.
  • Atuma ukekeranya kuri wewe nyene no ku bumenyi bwawe, ivyo wizera n’imico ngengabuzima yawe.
  • Agerageza kukuzana aho ukora ibintu utashaka gukora. Niwige vyinshi ku bijanye no kwemera
  • Aragukubagura canke akakurya umutima, nk'akarorero kugukubita, kugutera imigere canke kugusuguma.
  • .Agomba kukwigarurira wese kandi agira ipfuhe ryinshi iyo uvugisha abandi.
  • .Agerageza kuvuga ngo "mbabarira" kandi agasaba ikigongwe ku nyifato yose yo kugukubagura yakugizeko kandi akagusezeranira ko atazosubira. Nimba umuntu amaze kubigira rimwe, birashoboka cane kw' azobisubira.
Ahaheruka Ahakurikira