Consent Article.png

Tuvuge ku bijanye no kuronka uruhusha

Kuronka uruhusha (consentement)  ni ijambo ushobora kuba warumvise iyo bariko bavuga ibijanye n’ibitsina n’imigenderanire.

Kuronka uruhusha n’igihe umuntu avuze neza ego ku kintu, abinezererewe kandi atagoberewe mu nyishu atanze. Kuronka uruhusha bikenerwa gusabwa ugashobora kurangura umwanya wose ubishakiye ubwoko ubwaribwo bwose bw’imibonano mpuzabitsina. Kurangura imibonano mpuzabitsina utabishaka n’ihohoterwa rifatiye ku bitsina canke gufata ku nguvu.

Kuronka uruhusha birahambaye kubera bijanye n’ukuntu tuyaga kandi dusuzuma ukwo uwundi yiyumva, kandi bigafasha no gukora ibintu tworohewe ndetse no ku wundi muntu. Kuronka uruhusha ni ikiyago kibandanya. Iyo umuntu agusavye uburenganzira, ni ikintu ciza – igirire icizere uvuge ukwo wiyumva. Iyo usavye uruhusha uwundi muntu, wame wubaha inyishu yabo iyo avuze ‘oya’. Ibuka ko ‘oya’ isigura ‘oya’; ntugerageze kubemeza!

Umuntu anumye, atwenga gusa canke aboneka nk'uwukekeranya kandi umenga agomba kukunezereza ntariko arakwemerera. Iyo umuntu yemeye imibonao mpuzabitsina kubera agoberewe, atewe ubwoba canke ahohotewe canke asunitswe n’inzoga – ntaba yemeye afise umwidegemvyo.

Kwemera ni:

  • Uguhitamwo ugira mu mwidegemvyo utagoberewe canke ngo ufatwe ku nguvu .
  • Umuntu akubwiye ego anezerewe ntashobora kubikubwira aborewe, yafashe ibiyayuramutwe canke afise itiro.
  • Gutangwa iyo umuntu afise amakuru kandi azi inkuru yose. Akarorero, nimba umuntu avuze ko aza gukoresha agakingirizo ariko ntagakoreshe, ntihaba habaye kwemera gukwiye.
  • Kuvugwa ku ntambwe yose mugezeko kandi kwemera ku kintu kimwe ntibisigura ko wemeye kuri vyose.
  • Igihe ukora ibintu gusa wumva ushaka gukora ariko atari ibintu ukora kubera babikwitezeko.
  • Ukwo umwanya muto . Umuntu arashobora guhindura ivyiyumviro ku bijanye no guhuza ibitsina akisubirako, n’igihe boba bari bamaze guhuza ibitsina mbere n’igihe boba bamaze gukura impuzu canke bari mu gitanda.


Nimba utara uruhusha ukaba umaze guhohoterwa bifatiye ku gitsina canke gukubagurwa bifatiye ku gitsina nko gufatwa ku nguvu, ibi si ikosa ryawe. Ntaco bitwaye nimba wari uri kumwe n'umuntu canke wari uri hanze mw'ijoro, kandi nta tandukaniro rihari bivanye n'ivyo wari wambaye. Si wewe ufise ufise ikosa. Hamagara kuri XXX kugira uronke ubufasha n'iyindi mfashanyo ukeneye.

Ahaheruka Ahakurikira