Sex and other stuff cover.png

Ubuzima ndoragitsina n’imigenderanire

Rimwe na rimwe, umengo abantu bose baganira kuvy’imibonano mpuzabitsina! ‘Gutakaza ubusugi bwawe’ no kurangura imibonano mpuzabitsina ubwa mbere birashobora kwumvikana ko ari ibintu bihambaye rwose ariko si ivyo kwirukira kandi ugomba kwiyumva neza kuri vyo. Imibonano mpuzabitsina ni igice kimwe c’imigenderanire kandi kurangura imibonano mpuzabitsina si icerekana ko hari urukundo! Ibijanye n'ibitsina (sexualité) birarengeye cane no guhuza ibitsina(sex). Birafatanye n'uwo wiyumvamwo (abakobwa, abahungu, bose, canke nta n’umwe) hamwe n'ibindi bikorwa bijanye n'igitsina dushobora kunezerererwa mu mutekano. Buri muntu wese arafise uburenganzira bwo kuryohererwa ibijanye n'ibitsina (sexualité) no guhuza ibitsina mu mwumvikano (sex consensuel) hatarinze kwihwezwa amerekero y'igitsina ciwe (orientation sexuelle), akaranga kiwe ku vyerekeye ibitsina (identité de genre), ku vyerekeye umugera wa Sida (statut sérologique), n'abantu bagendana ubumuga barimwo.

Ibintu vyo kwibuka kugira murangure imibonano mpuzabitsina mu mutekano kandi munezerewe!

  • Rindira gushika wumvise ko witeguye kandi urangure imibonano mpuzabitsina mu gihe wumva ubishaka gusa – Ntubikore kugira werekane ko uri umwana mwiza canke kubera abagenzi bawe babikora. Ntavyo kwihuta bijamwo. Wumva witeguye mu mubiri no mu mutima? Wumva utuje kandi utekanye? Wibuke, urashobora guhindura umwanya uwariwo wose ivyiyumviro ukavuga oya.
  • Banza usabe kandi wemererwe rwo kurangura imibonano mpuzabitsina(consentement sexuel) – Kwemererwa (consentement) ni igihe umuntu avuze neza ego kandi abinezererewe kandi akemera atakagobero. Niwige vyinshi ku bijanye no kwemera.
  • Nimubiganire! Ikiyago ciza= imibonano mpuzabitsina imeze neza kandi itekanye. Vugana n’umugenzi wawe ukwo wiyumva, ivyo ukunda n’ivyo udakunda. Ntukwiye gukora ikintu udashaka gukora..
  • Wibuke, urashobora kuryoherererwa ubwoko butandukanye bw’imibonano mpuzabitsina n’uburyo bwo kubana hafi cane.
  • Banza kumenya neza ko mukoresha udukingirizo kugira muryohererwe imibonano mpuzabitsina mutagira ubwoba ku bijanye no gutwara inda canke kwandura ingwara ifatiye mu bihimba vy’irondoka, harimwo n’umugera wa SIDA. Ushobora kuronka udukingirizo canke ubundi buryo bwo gutandukanya imvyaro ku bitaro bikwegereye. Iga vyinshi ku bijanye n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro (méthodes de contraception). Niwige vyinshi ku bijanye n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro.
  • Wibuke ko kurangura imibonano mpuzabitsina ubwa mbere, kubikora muhagaze, canke ‘ugakuramwo’ ( gukura inzanyi mu gisabo imbere yuko isesa imbuto) bitabuza gutwara inda canke kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.
  • Wibuke aya ‘majambo’ – ikiyago (communication), kuronka uruhusha (consentement), uburyo bwo gutandukanya imvyaro (contraception) n’udukingirizo (préservatifs)!

Kuguma utekanye kandi kwitwanaho

  • Guha amafaranga n’ingabire ku muntu kugira hagire ico akora n’uburyo bwo gu igiturire canke kuganza. Nimba wemera ingabire kugira murangure imibonano mpuzabitsina, ivyo biha uwatanze ukuganza kuri wewe kandi ugashobora kwumva ufise ubushobozi buke mu guhitamwo ubwoko bw’imigenderanire canke bw’imibonano mpuzabitsina murangura. Niwige ku bijanye n’imigenderanire.
  • Nturangure imibonano mpuzabitsina, cane cane iyo uborewe canke uhomberanye (défoncé) – bishobora kutagenda neza, kandi ntuvyibuke.Ibuka ko abantu badashobora gu uruhusha iyo baborewe canke banyoye ibiyayuramutwe. Don’t have sex, especially for the first time, when you’re drunk or stoned – it doesn’t usually go well, and you want to remember it! Remember that people can’t give their consent if they are drunk or under the influence of drugs. Niwige vyinshi ku bijanye no kuguma utekanye
  • Nimba ufise ubwoba impungenge ko woba watwaye inda canke wanduye ingwara ifatira mu bihimba vy’irondoka, birahambaye ko uja kwa muganga wihuse. Ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zirashobora kuvurwa zigakira iyo wivuje kare, kandi bigakorwa mw’ibanga. Birahambaye kandi biboneka kuri uwo avyipfuza no mu gihe ca COVID-19. These services are important and available for everyone including during COVID-19. Niwige vyinshi ku bijanye no gutwara inda.
Ahaheruka Ahakurikira