MentalHealth_Banner.png

Ugusama imbanyi

Haba agasamo igihe urubuto rumwe rw’umugabo (intanga ngabo, spermatozoïde mâle) ruhuye n’urw’umugore (intanga ngore, ovule féminin) mu gihe c’imibonano mpuzabitsina. Umwigeme arashobora gusama inda kuva agitangura kuba umuyabaga (puberté), mu bisanzwe kuva igihe aheruka kuja mu butinyanka ubwa mbere, bishitse akagira imibonano mpuzabibsina atikingiye gusama (contraception). Igihe utifuza gusama imbanyi, ariko ukaba wumva ushaka kuzogira imibonano mpuzabitsina, banza urabe neza ko ufise hafi uburyo bwo kwikingira ugusama kugira ngo uzobanze ubwikoreko.

Ukwipimisha agasamo n’intambwe zikurikira

Ubonye usivye kuja mu butinyanka ikiringo cavyo kikarengerana, vyerekana yuko hari naho uba warasamye imbanyi. Wiyumvira ko ushobora kuba warasamye, simbira kw’ivuriro canke ku mangazini yimiti (faramasi) ikwegereye, kugira ngo wipimishe umenye ko arivyo canke atarivyo. Ushobora kwipimisha mbere ku musi wa mbere ubonye ko utagiye mu butinyanka kandi ikiringo cageze.

Igipimo cawe cerekanye ko wasamye, ca wihutira gusaba umubonano kw’ivuriro usanzwe wivurizako. Igihe woba utari witeguriye canke utari wifuza gusama imbanyi, ivyo rero bishobora kugutera ubwoba, ariko barashobora kuguha impanuro, bakagufasha kumenya ibishoboka gukorwa vyose, no guhitamwo ico wokora.

Ukwibungenga bijanye n’amagara meza

Hari ibintu vyinshi ushobora gukora kugira ngo ugumane amagara meza mu gihe cawe uzomara wibungenze.

Umuganga wawe azoguha isango uzoza uratonderako kwipimisha imbanyi (soins prénatals) kugira akurikirane neza uburemere bwawe, umuvuduko w’amaraso, apime ingene umwana wibungenze agenda akura atera imbere, yongere agupime umugera wa VIH n’izindi ngorane zikunda kwibonekeza mu gihe c’imbanyi. Ni ngirakamaro kandi ningombwa ko udasiba isango na rimwe ryo gutonda ku bipimo vy’imbanyi. Ibipimo vya VIH vyerekanye yuko ufise umugera (seropositive) woca utangura gufata imiti y’uwo mugera (TAR) kugira ngo ugumane amagara meza wongere ugabanye uburyo umwana uzokwibaruka yohava ageramirwa n’ukwandura nawe uwo mugera.

Urashobora kandi guhindura uburyo ubayeho kugira ngo ugumane amagara meza. Utegerezwa guhagarika gutumura itabi no kunywa inzoga ziborera mu gihe cose uzomara wibungenze, kuko itabi n’inzoga bishobora kumerera nabi umwana wibungenze bikongera bikagira nivyo vyonona mu gihe kirekire. Ingaburo nziza kandi ikwiye/ibereye hamwe no kwama winonora imitsi mu buryo butari ikirenga (exercice modéré) bigufasha kugumana amagara meza bikongera bikagukingira no kuvyibuha cane (kwongereza ibilo cane).

Bizokwongera bibe vyiza ugiye urafata imisi yose inyongera y’ingaburo igizwe n’icunyunyu ca fer (acide folique) gushika imbanyi ikwije indwi 12, kumvo zo gukinga indwara zimwe zimwe nk’itera ingorane y’uruti rw’umugongo yitwa spina bifida.

Umaze kwibaruka, raba neza ntusibe isango nimwe yo kwa muganga yo gukurikirana umwana na wewe nyene, kugira ngo baje barakurikirana amagara yawe kandi uje urafatwa mu mugongo mu buryo bubereye, umwana nawe baje baramupima ibilo baraba igikuriro ciwe, bacungera amagara yiwe, bongera bamuha incandago zose zitegekanirijwe abana. Igihe woba usanzwe ugendana umugera wa VIH, bizoba ngombwa ko numwana wawe bamupima ko nawe adafise uwo mugera.

Ukwicungerera no kwibungabungira amagara

Harya kuba umuvyeyi mushasha aheruka kuronka umwana wa mbere bijana n’utugorane vyisangije. Nurushirizeho kwiyigisha uburyo bwo kwicungera no kwibungabungira amagara yawe yo mu mutwe mu kiringo ukiri umuvyeyi mushasha aheruka kuronka umwana wa mbere.

Ahaheruka Ahakurikira