Sexual Health 2. png.png

Ubuzima ndoragitsina n'umutekano ku bica ku buhinga ngurukanabumenyi

Muri iyi si igendera ku buhinga nyabwonko na ngurukanabumenyi, ubu birashoboka ko haba imibonano mpuzabitsina no kuronka inzandiko kuri iyo mibonano biciye mu ngurukanabumenyi. Ivyo birashobora gutwenza no kuryohera abantu, bivanye nuko bitoba ibigukwegera akarambaraye, nuko woba wakoze ibishoboka vyose kugira ngo wikingire ukingire nabandi mu kuvugana no gukora iyo mibonano mubicishije mu buhinga ngurukanabumenyi canke mubicishije ku butumwa muri ubwo buhinga nyene (applications de messagerie).

Amashusho ajanye n’imibonano mpuzabitsina (sextos) n’udushusho two kwifotora ukarungika (selfies)

Ukurungikira ubutumwa n’amafoto/amashusho « nkaburabitsina » ("sexy", ariyo bita « sexting » canke « sextos ») uwo mufitaniye imigenderanire mpuzabitsina birashobora kuba biryoshe kandi bitwenza bikanezera, ariko ntimwigere mwibagira yuko hariho amategeko agenga umutekano n’ugukingira abantu (règles de sécurité).

  • Ukurungikiranira ubutumwa hagati y’urwaruka rutarashikana imyaka 18, kenshi birabuzwa n’amategeko. Ibitegekanijwe mu gushikira ibishobora gukorerwa mw’itelefone, navyo bifise amategeko agenga imvugo mukoresha n’ibiri muvyo muhanahana (contenu) (ntimukibagire ko amasosiyete ashobora kugenzura no gusoma ubutumwa bwanyu, harya ntimwihende, ntanakimwe co mu ngurukanabumenyi gikingiwe canke kibonwa na nyeneco gusa ku rugero rwa 100% ata numwe ashobora kubica n’ikanda).
  • Abantu bamwe bamwe barashobora kugerageza kugira imibonano mpuzabitsina iciye mu buhinga ngarukanabumenyi, arivyo bita "sexting", ariko ugasanga batumva borohewe ku mutima no kubikora : ntihakagire uwohirahira ngo abahatire kubikora.
  • Ubutumwa canke amashusho uzorungika, ntuzi iyo azoshika n’abazoyabona. Birashobora kuzohererekanwa n’abantu utazi kandi ata ruhusha wasabwe canke wabitangiye. Ivyo rero birakunda gushika kenshi igihe imigenderanire yaheze canke yatosekaye, hakaba hari abantu bashaka kukurogoya canke kugurtyoza. Geza kwiyumvira uko womererwa igihe uko kwizigirana kuranga iki gihe kwosambuka mukavavanura.
  • Igihe wiyemeje/wishinze kugumiriza akabangi uwo mucuditse no kuja urafuta ubutumwa murungikiraniye, ningombwa kandi ko uguma kw’ibanga ukabikurikiza atagukebaguzwa.

Uwo mwari mwizeranye aguhemukiye, ivyo birashobora kukugora ingene ubikika. Urashobora kumaramazwa nuko abandi bantu babonye amashusho yawe/yanyu. Wame wibuka ko ivyo bitavuye namba kw’ikosa ryawe, kandi ko ata muntu numwe yari arekuriwe kurungikira abandi ibintu vyawe ata ruhusha wabitangiye. Urashobora kubimenyesha ku mirongo irabwa/ikoreshwa na benshi (sites de médias sociaux), ugasaba ko ivyo bintu bifutwa. Bishobora kuba ngirakamaro gutanga ubuhamya mu gufotora mu nyabwonko canke mw’itelefone (captures d’écran) imirongo ayo mashusho yacishijwemwo/yakwiragijwemwo. Usanze ivyo bikugora, ushobora gusaba umugenzi abizi, abimenyereye, akabikugirira.

Raba ko worondera ukaronka abagufata mu mugongo kugira ngo ushobore kurinda uguhungabana ku mutima gushobora kuzoterwa n’ivyo bizoba vyagushikiye, Wame wibuka ko atari ngombwa kumenyekanisha ivyo udashaka kwandagaza mu bandi, naho hoba hari uwuriko arakugobera gute ngo ubimenyekanishe..

Amareresi n’amashusho y’imibonano mpuzabitsina (Pornographie)

Ayo mareresi n’amashusho ariyo bita "porno" arimwo amashusho yeruye y’imibonano mpuzabitsina yerekana abantu bariko barasambana babikora nyene nk’abakinyi b’amareresi/amasenema. Akinwa mu buryo bwinshi kuva muri ibi binjana biheruka ku mvo zo gukabura no kuryohereza/kunezereza abantu.

Ukuri kwo kumenya ku mareresi ya « porno » :

  • Porno, ni amareresi, ibikino (ikinamico) – ni gake iryo kinamico ryerekana abantu, imigenderanire canke imibonano mpuzabitsina vyo mu buzima bw’ukuri bwa mmisi yose – ni imibonano mpuzabitsina itari iyukuri (imikino, ivyo abantu bashobora kuraba kugira ngo bakabure ivyifuzo vy’imibonano mpuzabitsina (représentation de fantasmes sexuels).
  • Amareresi ya porno kenshi ntiyerekana ko imibonano mpuzabitsina ikorwa habanje kuba umwumvikano uzira agahato, kandi mu buryo atawe buhanamira ngo arengerwe akarimbi, kandi hatabanje kwumvikanwa ko hategerezwa gukoreshwa udukingirizo..
  • Amareresi ya porno arashobora gutuma twiyumvira imibonano mpuzabitsina, umubiri wacu, imigenderanire yacu n’ivyo tuvyitezeko/tubizeyeko mu buryo butabereye kandi bubi, butajanye na gato n’ubu buzima busanzwe tubayemwo.
  • Bamwe bamwe mu rwaruka, ntabindi bakuramwo ubumenyi bafise ku bijanye n’mibonano mpuzabitsina atari muri ayo mareresi ya porno, navyo bikaba bishobora kubaha ivyiyumviro bidatomoye kandi bidashemeye (malsaines) kuvyo bashobora kwitega ku mibonano mpuzabitsina, kandi bikaba bituma bamenyera kugira imigenzo n’inyifato bitabereyemubijanye niivyo.
  • Amareresi ya porno arashobora kugira ingaruka mbi ku bantu kubera uburyo ashobora gutuma biyumvira ko ibishusho vy’abantu babona n’ivyo abo bantu bo mu mashusho bakora mu mareresi ya pornographie bijanye n’ibikorwa mu buzima bwa misi yose.
  • Amareresi ya porno yose si mabi, kuko hariho ayerekana ibindi bintu bijanye n’imigenderanire yindi (atari ayo arangwa n’ingaruka mbi). Hariho mbere n’ayerekana agashira imbere ubushake bwa bene kugira imibonano mpuzabitsina bompi uko ari babiri imbere y’iyo mibonano (consentement), hamwe n’ugukoresha udukingirizo,
  • Ntuce ushoka wiyumvira ko uwo mucuditse mu bijanye no guhuza ibitsina (partenaire) azoba akunda ivyerekanwa muri ayo mareresi ya porno—biguma ari ngombwa kwubahiriza ubushake bwiwe ntihabe na gato ivyo kumuhata canke kumuzirika ku catsi (gukoresha uruyeri) ku buryo bwose bwo guhuza ibitsina muri rusangi. Ugumize ku muzirikanyi ko ayo mareresi ya porno ivyo yerekana ataho bihuriye n’ibigirwa mu buzima busanzwe bw’ukuri bwa misi yose !
Ahaheruka Ahakurikira