Local resources.png

Ibikoresho vyo mu kibano bijanye n’amagara yo mu mutwe

Iyo wewe canke umuntu uzi muriko muraca mu ngorane z’amagara yo mu mutwe, hari uburyo bwinshi bwo kuronka ubufasha. Koresha ibikoresho bikurikira kugira ufashwe, canke ufashe umugenzi canke umuntu mupfana ikintu mu muryango.

  1. Ronka imfashanyo yihuta mu gihe ushikiwe n’amakuba: Iyo wewe canke umuuntu uzi ari mw’irinde, hamagara kuri ******, canke ubimenyeshe ikigo c’ubutabazi kikwegereye.
  2. Umuhora w’igihugu wo gukinga kwiyahura: Hamagara kuri **********. Uwo muhora ni umurongo utariha kandi w’ibanga wama wuguruye kuri bose, amasaha mirongo ibiri n’ane ku musi, imisi 7 mu mdwi.
  3. Kumenyesha impanuka: Rungika ubutumwa kuri ******. [Igihugu] kira umurongo wo kumenyesha ingorane amasaha mirongo ibiri n’ane, n’imisi indwi mu ndwi. Umurwi wo kumenyesha ingorane ura imfashanyo kuri uwo wese yashikiwe n’ingorane izarizo zose kandi bakamuhuza n’abahanuzi muvy’ingorane bashobora kumufasha canke kumuha amakuru.
  4. Umuhora w’ubutabazi: Hamagara canke urungike ubutumwa kuri ******.Umuhora w’ubutabazi ura impanuro z’ikibiriraho ku bantu bashikiwe n’ingorane z’ibigumbagumba bijanye n’ivyago vyiyadukije canke bitewe n’abantu.Uyo murongo nturiha, ukoresha indimi nyinshi, mw’ibanga, kandi wuguruye amasaha 24 ku musi, n’imisi 7 mu ndwi.
  5. Kumenyesha inyifato zibonekeza ku mbuga ngurukanabumenyi: Nimba uhagaritse mutima kubera ivyo abagenzi bawe bashira ku mbuga ngurukanabumenyi, andikira urwo rubuga ubwo nyene hanyuma umenyeshe ivyo bashizeko.
  6. Rondera umuganga agufasha: Mu bisanzwe, mu kuvura ingwara zo mu mutwe hakoreshwa ubuhinga bwo kuvura bene izo ngwara, gu imiti canke kubikoresha vyose. Kuvura bishobora kuba imbonankubone, kw’iterefone canke ku mashini nyabwonko (ordinateur). Mu gihe urondera kuvurwa mu mutwe, bishobora kugorana kumenya aho uhera, ariko hari uburyo bwinshi bwo kurondera uwugufasha, ahuye n’ivyo ukeneye. Umuganga wawe agukurikirana arashobora gufasha cane mu kugira ibipimo vya mbere bijanye n’amagara yo mu mutwe kandi akanakurangira abandi baganga b’abahinga mu vyerekeye amagara yo mu mutwe. Nimba ufise umubonano n’uwukuvura vy’ibanze, nurabe uvuge ibibazo vyawe vy’amagara yo mu mutwe kandi usaba ubufasha.

Mu kugufasha vy’umwihariko, niwige vyinshi kuri izi ngingo zikurikira:

Ahaheruka Ahakurikira