Imyaka 15 n'iyirenga

Hitamwo n’imiburiburi kimwe mu bikorwa vyavuzwe aha hepfo kugira ngo ube umwe mu bahagurukiye guhangana no gutuza ikoreshwa ry’amapurasitike.


Hagarika purasitike mu maduka (mu ma mangazini canke amabutike)


Hitamwo amasosiyete/amaduka 3 ukunda kandi ugendera kenshi. Korana nabo mu kugira urutonde rw’amapulasitike bagurisha canke baha abaguzi. Muganire kugira murabe ko hoba hari ubundi buryo bwokoreshwa. Iyumvire kugira utore uburyo woshobora kububemeza neza. Abaguzi boba bakunda kugura ibiramba? Umwanda wa pulasitike urafise ingaruka mbi kuvyerekeye ingenzi n’ubudandaji? Bafashe kwihweza neza ubwo buryo no guhitamwo ubububereye.


Purasitike zitibonekeza


Koranya abagenzi. Umuntu wese akore ubushakashatsi atore ikintu kimwe abantu benshi batazi ko kirimwo pulasitike. Nk’akarorero, wari uzi ko utuyungiro (filtres) tw’itabi ry’ubwoko bwa sigareti turimwo utuntu duto dukozwe muri pulasitike? Mu vy’ukuri itabi ry’amasigareti ni bwo bwoko bw’imyanda iva muri pulasitike ikwiragiye henshi mu bidukikije kuruta iyindi. Izindi pulasitike zinyegeje ziri mu mabazoka, mu mpuzu, mu dukenke, no mu dushashe tw’icayi. Saba umwe wese azane akarorero kiwe kw’ishure hanyuma usabe uruhusha rwo gushiraho ikibaho canditseko ibintu vyegeranijwe, bagishire ahantu haca canke hagendera abantu benshi, hamwe n’amakuru yerekana igituma ivyo vyo gutororokanya umwanda wa palasitike ari ibintu vy’ingirakamaro.


Fata icemezo co gukorera ku ruzi runaka canke inkengera y’ikiyaga nko mu kiringo n’imiburiburi c’ukwezi


Hitamwo ikibanza hafi y’aho uba gifise ingorane ikomeye y’amapulasitike canke y’imyanda. Fata icemezo co kuhagumya hari isuku nko mu kiringo kingana n’imiburiburi n’ukwezi. Uhitane abagenzi bawe, uwujejwe intwaro wo mu kibano, n’abamenyeshamakuru, kugira bifatanye na mwebwe mu kugira isuku bongere bace bamenyekanisha uburyo ico gikorwa cagenze neza.

Ahaheruka