Imyaka 10-14

Gutora imyanda

Umare indwi imwe utora pulasitike ubona zisanzaye hasi kw’ishure canke mu kibano

Fotora canke wandike kugira ushobore gusigarana icegeranyo c’ ivyo wahasanze.

Ni bingahe mu vyo wabonye vyari gushobora guhingurwa gushasha? Mu mpera y’indwi, egeranya ivyo wabonye hanyuma ubirungike muri komine canke kw’ishure, uce wongera uvuge utanga ivyiyumviro ku buryo ibintu vyogororwa bikagenda neza kurusha. Botanga ibindi bivumvu vyo gutamwo imyanda, nivyo gutamwo ibizosubira guhingurwa canke bizokoreshwa ukundi (recyclage)? Bogira ivyapa vyo kw’ibarabara kugira babwire abantu ibintu bishobora guhingurwa canke gukoreshwa ukundi, n’impamvu ivyo bifise akamaro? Bogira ibimenyetso vyibutsa abantu kudata imyanda aho babonye hose?

Ico utokwibagira: Witeho umutekano wawe kandi wambare uturindantoke kugira wikingire.- ariko ntitukabe udukozwe muri pulasitike :-)

Ahaheruka Ahakurikira