Air pollution worsens climate change

Ni iki gitera ihindagurika ry'ibihe?

Uburengeti budususurutsa

Ikirere kimeze nk’uburengeti budufasha kuguma dususurutse. Harimwo imyuka ihagarika imishwarara y’izuba kuja/”gutorokera” mu kirere. Ariko vyomera bite turamutse twongereje imyuka mu kirere? Twoca dushuha cane. Nivyo biriko biraba muri iki gihe

Inkomoko y'imyuka iteza ihindagurika ry'ibihe

Abantu baturira ibitoro kugira baronke amatara, bashobore gukoresha amahinguriro yabo, kugira ngo bashobore gukoresha/kugendesha imodoka, amato n’amapikiki.Turaturira kandi ibimera kugira bikunde ko turima. Ibi bitanga umwuka ukaze cane muri ibi vyihindaguka ry’ibihe witwa diyogiside ya karubone (dioxide de carbone) uzwi nka CO2. Kandi, turaca amashami yo guteka imuhira, turayaturira, bikavamwo umwotsi urimwo imyuka. Buri gihugu kigira uruhara mu kurekura imyuka ihumanya ikirere, ariko ibihugu vyateye imbere mu mahinguriro, vyo biturira ibitoro vyinshi. bifise uruhara runini kurusha.

Hariho n’iyindi myuka nayo nyene ihumanya ikirere, nka metani (méthane) iturwa mu mibe y’ibikoko vyororwa canke itumuka ivuye mu mipira n’imiringoti itwara gaze, na oxyde d’azote ikomoka mu mwavu ukoreshwa mu burimyi. Ariko CO2 iva mu bitoro, amakara , na gaze niyo ngorane ikomeye, kandi tuyikoresha nk’urugero rukoreshwa mu gupimia iyindi myuka.

CO2 uyisanga mu mibiri y’ibinyabuzima vyose, harimwo na wewe, kandi ikora neza mu gihe ibiterwa n’vyimeza-rubobi (algues) biriko birahingura umuco w’izuba (photosynthèse). Karubone (carbone) nyinshi yahora yama iva mu kirere kubw’ibiterwa, ivyimeza-rubobi (algues) n’ibahari vyaca biyiconcomera (absorber). Nkakarorero, amakara akozwe mu biti vya kera, nayo peteroli ikozwe mu vyimeza-rubobi (algues) vya kera.

Ivyizigiro vyacu

Ariko rero, kuva amahinguriro afashe umuvuduko ukomeye (Révolution industrielle) mu kinjana ca 19, twarushirijeho guturira ibitoro (combustibles fossiles), kandi turima ubutaka bunini. Kugira ngo tugumane umutekano, dutegerezwa kugabanura CO2 yo kw’isi ku rugero rw’ ibice 350 ku muliyoni mu kirere (ubu 410 ppm) hanyuma tugahagarika ugushuha ku rugero rurenza ibipimo dogere selisiyusi 1,5 (1,5 degrés Celsius) ( ubu ni dogere 1).

Ahaheruka Ahakurikira