24Guite_To_Action.jpg

5. Tegura ijambo ryawe uzoshikiriza

Ni gute ubwira abo utumbereye (cible) ivyerekeye ikangurashaka ryawe?

  1. Uku nikwo ubigenza kugira umenye neza kw’abo utumbereye (Cible) babona umukenyuro wawe. Kenshi bizosaba ko uhura n’abo utumbereye (Cible) amaso mu yandi kugira usigure ingorane n’ico wipfuza ko bayikorako. Nk’akarorero , abantu 500 barateye igikumu ku cipfuzo cawe co kurwanya umucafu uri mu kirere. Ubu rero ukeneye guca kurondera umubonano n’uwo utumbereye (cible), akarorero: Umukuru w’igisagara kugira umwereke ico cipfuzo. Mu gihe muhuye n’uwo muntu utumbereye (cible) ukoreshe urupfasoni no kwubaha kuko nivyo vyongereza amahirwe yuko akwumviriza.
  2. Andika ukwo uzoshikira uwo muntu utumbereye (cible). Batakwumvirije ubwa mbere, urashobora kugerageza uwundi mukenyuro. Ng’aha hariho iyindi mikenyuro kugira ushobore gukora ku mutima w’uwo muntu utumbereye (cible).

• Mugendere mu biro vyiwe uri kumwe n’abantu 2-4 bagushigikiye (turabisubiyemwo, wifate rupfasoni ). • Mwereke itangazo riri mu kinyamakuru canke mw’iradiyo ashobora kuba yosoma canke yokwumviriza.
• Andika iciyumviro cawe mu kinyamakuru uwo muntu utumbereye (cible) ashobora kuba asoma. • Shira ku rubuga ngurukanabumenyi ubutumwa bwerekeye iryo kangurashaka ryawe.

Ahaheruka Ahakurikira